Kuronka ikibondo inyuma y’imyaka 6 wubatse: Intahe ya Jackie (2)
Kaze mwese tubandanye dusoma igice ca kabiri, aho umupfasoni Jackie, abandanya adushingira intahe, k’ubuzima yabayemwo imbere, yuko yibaruka ikibondo.
Ikigice ca mbere cerekeye intahe ya Jackie, ugisanga ngaha.
Muri kino gice ca kabiri, Jackie aratwiganira inyifato hamwe n’ingedo vyaranze urugo rwiwe. Vyongeye, Jackie aratuyagira ingene we n’umushingantahe wiwe, bakiriye inkuru yuko Jackie yasamye. Jackie aravuga kandi ico yize kub’ abakozi b’Imana bamusengeye muri iyo myaka 6 yose.
Mu kurangiza, Jackie araha impanuro abubakanye, ariko batararonka amahirwe yo kuronka ikibondo.
Mu rugo rwabo
Wumva ushobora kugumana nanje … ni sawa! Ariko, nimba wumva udashoboye kurindira canke utovyihangabira, ukumva ko twotandukana, kumbure, uje kugerageza ahandi, jewe ndaguhaye feu vert”. – Umushingantahe wa Jackie
Harageze igihe Jackie n’umushingantahe wiwe baritura abaganga. Inyishu baronse kwa muganga, nuko vyose vyari bimeze neza, ko ata kindi bokora atari kurindira gusa.
None mu rugo rwabo vyari vyifashe gute?
Jackie aratubwira ko we n’umushingantahe wiwe basenga cane, kugira Imana ibashoboze kubana mu mahoro, bumvikana kandi batahurana. Ishingiro nyamukuru ry’urugo rwabo, kwari kubaho mu munezero. Na cane cane, bakama birinda ico cose gishobora kubacanishamwo. Ibivurwa n’abantu ntivyabura, ariko vyose babirwiza n’ubusa.
Ikindi kintu gihambaye caranze urugo rwabo, ni kuyaga badahishanya . Ikibazo cuko batararonka umwana, nticari ikintu kitavurwa hagati yabo.
Ariko naho vyari uko, hari igihe Jackie yata ivyizigiro, ivyiyumviro bikamubana vyinshi, akumva aremerewe k’umutima, yibaza nimba ingorane yoba iva kuri we canke uwo bubakanye. Umushingantahe wiwe nawe, aho yari, bikamubabaza. Kuko yaritwararika cane umunezero w’umufasha wiwe. Icipfuzo ciwe, kwari uko Jackie aryoherwa, akaronka ikibondo, naho vyoba bisigura ko bategerezwa gutandukana. Umunsi umwe, niho nyen’urugo yamwegera, amugira inama avuga, ati:
“ Wumva ushobora kugumana nanje, hama tukarindira ico Imana ikora, ni sawa. Ariko, nimba wumva udashoboye kurindira canke utovyihangabira, ukumva ko twotandukana, kumbure, uje kugerageza ahandi, jewe ndaguhaye feu vert”.
Jackie nawe aho yari, mu mutima wiwe yaremera ko ibiriko biraba vyose, ari umugambi w’Imana. Mu nyuma yarishuye uwo bubakanye, ati :
“Nta kintu na kimwe kibera ubusa…
Imana ntishobora guhuza abantu gutyo gusa…haba hariho intahe iriko irarema. Dutegerezwa kugumana, tugasenga, tugasenyera k’umugozi umwe”.
Jackie aravuga kandi, ko atigeze aturubikwa mu rugo n’umuryango w’umugabo wiwe. Ahubwo nyabuna, na inabukwe yamubereye umuvyeyi mwiza, bimwe bidasanzwe:
“Naronse umuvyeyi. Sinzi ingene nobivuga. Narashobora kuja iwe. Akampamagara mu cumba ciwe, akambwira ati: ‘mwana wanje,Imana izokwishura. Izobahezagira’. Nanje nkarira, amosozi agaseseka. Nkava ngaho, umutima uremurutse, numva meze neza.”
Imbere yuko asama
Abakozi b’Imana batandukanye
Imana igiye kuguhoza amarira nkuko yahojeje Hanna– Umukozi w’Imana, 2022
Nk’umupfasoni yemera cane Imana, Jackie yaregereye abakozi b’Imana batandukanye ngo bamusengere. Muri ico gihe, hari benshi bamusengeye, bakanamwizeza ko agiye kuronka umwana, ariko akabirindira akabura.
Jackie aratwiganira yuko, yize ibitari bike kuvyerekeye abakozi b’Imana:
“…hari abasengeye hama ndarindira, ndabura. Kubumbure, hari abakozi b’Imana bafise ibiganza bibi, naho bagusengera, ataco ubona. Hari n’abandi bakozi b’Imana b’ukuri, bansengeye, hanyuma Imana irakora, biciye muri ayo masengesho yabo “.
Umukozi w’Imana aramuhishurira
Imbere yuko mpeza ikiyago ciza twagiranye, Jackie yaranyiganiye, ukuntu vyari ibimeze mu mezi yanyuma, imbere yuko amenya ko yasamye.
Naho hageze igihe Jackie amera nkuko yari yarakiriye, ko ata kibondo azoronka, ntiyahengenshanya gusenga. Muri we rero, yagumanye icizero cuko, umunsi uri izina, azoronka ikibondo.
Hagati y’umwaka uheze wa 2022, Jackie yagiye gusenga ahantu yarasanzwe asengera. Umukozi w’Imana w’aho hantu, niho yaheza aramuhishurira, ko vuba cane, Imana igiye kumuhoza amarira:
“ Imana igiye kuguhoza amarira nkuko yahojeje Hanna. Ndabona uhora urira, uri munzu. Ariko Imana igiye kukugirira neza, …Igiye kuguha umwana…”.
Jackie mu mutima wiwe, yaravyakiriye, ashira ivyizigiro kuvyo bamubwiye, naho yari amaze kwakira incuru nyinshi, ivyo abakozi b’Imana bamuhishurira ko ari mu kuronka umwana, ariko ntibibe.
Inyuma y’ukwezi kumwe gusa, ikimenyetso ca mbere, cuko Jackie ashobora kuba yasamye, kiba kirigaragaje. Igihe co kuja m’ubutinyanka kiragera, mbere hararengako n’iminsi, ariko Jackie ntiyajayo:
“…maze kurenzako iminsi 3, naguma ntinya gupima ngo ndabe ko nasamye. Natinya ko nohamva mbabarira ubusa, hamwe nosanga atarivyo”.
Ubwoba bwo gutinya kubabaza umutima wiwe, ntibwamukundiye ko ashoka afata igipimo. Ariko, naho vyari uko, Jackie yaguma yibuka rya sezerano umukozi w’Imana yamubwira. Niko rero gufata ingigo yo gusubira kuja gusenga kuri wa mukozi w’Imana. Akimubona, nya mukozi w’Imana, amubwira ati:
“ Wewe naho waje gusenga, Imana yahejeje kukwishura. Genda ushima Imana. Kandi niwagira amakenga, ugende kwa muganga.”
Uyo munsi Jackie ntiyashotse yirukira gufata igipimo c’imbanyi. Yarakiriye ivyo yabwiwe, ariko yagumanye amakenga menshi, biturutse ku bihe bigoye cane yari yaraciyemwo. K’uruhande rumwe agatima kiwe karakubita gati: “vyemere nivyo”. Ariko k’urundi ruhande, akumva ngo: “reka sha, sivyo. Vyova hehe?”.
K’umunsi ukurikira, niho Jackie yastinda ubwoba yarafise bwo gupima ko yoba yarasamye:
“Bukeye nca ndagura test de grossesse, hama ndapima nca nsanga naramaze gusama… umunezero wari mwinshi, ndarira… nihutiye gufata ifoto ya test de grossesse, nkuko umengo turya turongo 2 twerekana ko wasamye duhava tuzimangana ntarafata ifoto”
Muri ico gihe cose, Jackie ntiyihutse kubwira umushingantahe wiwe uko ibintu bimeze. Ahubwo, yahamagaye abo bavukana ubwa mbere. Bashitse, abereka agapimo yakoresheje. Ariko nabo nyene, ntibashotse bavyemera, naho hariko uturongo 2 twerekana ko Jackie yasamye. Ahubwo, bamusavye kugura ikindi gipimo. Kugira ngo asubire gupima ariho bari. Nuko rero, Jackie afata igipimo kigira kabiri. Igipimo caje cemeza koko, ko yamaze gusama. Muri ako kanya nyene, umunezero wari mwinshi. Bose batangura kurira, bashimira Imana .
Mu nyuma uwo bubakanye arabimenya
Jackie yaciye arondera uwo bubakanye kuri telefone ngendanwa, kugira ngo amumenyeshe ko “Imana yabishuye, yabakoreye ibitangaza”. Ariko nyen’urugo, aho yari ku mirimo yiwe, nawe nyene ntiyashotse avyemera:
Umugabo: “ … Imana yatwishuye iki”… reka gufyina. Ivyo bintu n’ibiki?
Jackie: “ nasanze nasamye”
Umugabo: “ …oya, reka kwimena umutwe. Ivyo sivyo. Aho wosanga, ako ga test de grossesse kakubesha.”
Jackie: “ nivyo, kuko no kwa mu ganga, niko nyene bapimisha”.
Umugabo: “ Nimba vy’ukuri arivyo, ubu nyene ndavuye kukazi, ndaje tubonane, tubiyage neza.”
Nti bitevye, nyen’urugo aba arashikiriye umukenyezi wiwe, ahantu bari basohokeye kugira bayage neza. Jackie aratuyagira, ko baguma bashima Imana yabakoreye igitangaza. Bisanze bariko baribuka ibihe bigoye baciyemwo. Hari amajambo yavuzwe. Hari abaciye urutoke ngo ntibazovyara. Hari n’abakozi b’Imana bababwira ibintu vyinshi bitandukanye. Ivyo vyose bavyibuka, buzuye umunezero ntangere, uherekejwe n’amarira menshi.
Amezi icenda meza yibungenze
Mana, ndagushima ko ndiko ndatambuka uyu munsi, ndi umugore yibungenze – Jackie
Igihe Jackie yamaze yibungenze, cari igihe kiryoshe cane. Igihe c’amashimwe adasanzwe, kigaragaza kandi igitangaza, Imana yakoze mubuzima bwa Jackie. Ayo mezi 9 yose yayamaze akomeye neza cane. Uko amezi yegera imbere, bigatangura kuboneka ko yibungenze, niko abantu bose babibwirabwirana, gushika aho inkuru yuko Jackie yibungeze ikwira ahantu hose:
“…uko abantu bavuga ko ntararonka umwana, niko bavuze ko nasamye… vyarashitse ahantu henshi. Uwubimenye wese, ntiryamuraramwo atabibwiye uyundi. Inkuru zanje ziramenyekana, haraba alerte k’ubantu bose… hari abambona bakambwira ngo: ‘jewe sinemera ko ari wewe uri enceinte’… umukunzi wawe araryoherwa. Hama uwutari umukunzi nawe akabigaya…”
Jackie yarambwiye, ukuntu yaguma arira kubera kurengerwa n’umunezero uturutse kugitangaza Imana yamukoreye. Ntiyatahura ukuntu, Imana yamugiriye neza, mu kumuremera intahe nkiyi.
Hari ahantu- nko muri banki- ahashitse, abamubonye birukira kumuha ikibanza c’imbere k’umurongo. Mukwanka ko yohagarara umwanya muremure kandi yibungenze. Uyundi munsi naho, ari ku kibuga c’indege guherekeza umuntu, asanga bambwinjije ahandi hantu hawenyene, abandi batari barekuriwe kwinjira. Kubera kumwunvira ikigongwe, cuko aguma ahagaze kandi yibungenze. Ivyo vyose vyatuma Jackie atambuka ashima Imana, avuga ati:
“ …Mana, ndagushima ko ndiko ndatambuka uyu munsi, ndi umugore yibungenze”.
Impanuro k’urugo rutararonka umwana
- Gusenga kandi ntimurambirwe no gusenga. Kumenya aho musengera. Kwirinda kuguma mwiruka aho mubonye hose. Mufate ingingo yo kuguma ahantu hamwe musengera.
- Kuyaga mu rugo.
- Umupfasoni yokwihangana, agahebera. Umugabo arashbobora kudahebera umugore wiwe kuri iki na kiriya. Ariko, umugore yogerageza kugira umutima woroshe. Akabaho avuga, ko akeneye kubaho mu mahoro. Mungo haberayo ibintu vyinshi. “ Urashobora gutsitanzwa n’akantu gato. Ugaca wibaza ngo “ahhh angiriye [umugabo] ibi na biriya kubera azi ko ntararonka umwana”. Ukibaza ko umugabo aciye akugaya. Ugasanga ufashe akantu gatoya, ukagize akantu karekekare. Munyuma bikakuzanira ingaruka mbi. Mu rugo, ni kwiha amahoro. Ugatahura umutware wawe. Nawene akagerageza kugutahura.
- Kutikumira ngo ureke kuja mu bantu. Birafasha kugira abagenzi, incuti hamwe no kuba mu bantu. Hari abagusengera, abandi nabo bakakubwira inkuru nziza ngo “naka vyakunze”. Nawe ukarema, ukagendera kuri uko kwizera.
- Kuja kwa muganga: ntavyinshi Jackie abivugako, kuko bagiye kwa muganga rimwe hama basanga bose barakomeye. Baca bababwira ko ari kurindira. Ikintu nyamukuru Jackie ashimikirako, ni gusenga cane hamwe no kugira abantu bagusengera.
Urakoze cane muvyeyi Jackie kudushingira intahe y’ibihe bitoroshe mwabayemwo, wewe n’umufasha wawe. Imana igume ihezagira urugo rwanyu.