Kuronka ikibondo inyuma y’imyaka 6 wubatse: Intahe ya Jackie (1)
Kenshi, iyo umusore n’umwigeme bubatse urwabo, tuba twiteze yuko, igica gikurikira (iyo bavyipfuza) ari kuronka ikibondo bidatevye. Ariko rero, turazi neza yuko bitama bigenda uko. Iki gisomwa kitwiganira intahe y’umukenyezi yitwa Jackie, yamaze imyaka irenga 6 arindiriye, ko aronka umwana.
Jackie, ni umukenyezi yemera Imana. Uyo mukenyezi aradushingira intahe k’ubuzima butoroshe yabayemwo, muri iyo myaka 6. Intahe yiwe itwereka, ukuntu Jackie yaranzwe n’ukwemera kudasanzwe, ubwira, urukundo hamwe n’ ukwihangana, muri ico gihe cose, atari bwaronke ikibondo.
Iki gisomwa kigabuye mu bice bibiri.
Muri kino gice ca mbere, turamenya vyinshi k’umupfasoni Jackie. Mbega, bimeze gute kuva yibarutse? Turamenya kandi ingingo zidasanzwe, Jackie yagiye arafata, kugira bimufashe kubaho atekanye k’umutima, na cane cane yihanganira uruvugo rw’abantu, mu gihe atari bwaronke ikibondo.
Mu gice ca kabiri, Jackie aratwiganira inyifato hamwe n’ingedo vyaranze urugo rwiwe. Mbega, mu rugo rwabo vyari vyifashe gute? Hari ibiyago nkoramutima Jackie yagiranye n’uwo bubakanye. Hari n’ico vyabafashije. Mbe hoho inkuru yuko, Jackie yasamye bayakiriye gute? Mbega, vyoba vyari vyroshe kwemera?
Hari abakozi b’Imana batandukanye basengeye Jackie, kugira aronka ikibondo. Jackie aragira ico abivugako.
Mu kurangiza, Jackie araha impanuro abubakanye, ariko batararonka amahirwe yo kuronka ikibondo.
Umunezero hamwe n’ukwemera k’urundi rugero rudasanzwe
Jackie, ni umupfasoni aba mu gisagara ca Bujumbura. Haciye amezi make, we n’uwo bubakanye, baronse ikibondo cabo ca mbere. Aho ni inyuma y’imyaka irenga 6 bubatse urwabo. Kuva ico gihe, umunezero hamwe n’amashimwe ni vyose mu rugo rwabo. Maze kumva iyo nkuru nziza, naregereye Jackie turayaga, kubijanye n’ingene vyari bimeze, muri iyo myaka 6 bamaze barindiriye kuronka ikibondo.
Hari igihe nibaza nti: ‘kumbure ntibizokunda, canke jewe, ngira Imana yandemye, ivyo kuvyara bitarimwo’ – Jackie
Jackie yarankundiye, aranyagira adahisha ivyo yabayemwo muri iyo myaka yose. Ikintu ca mbere yansiguriye, ni umunezero udasanzwe afise kuva yibarutse:
“ Navyaye kuri césarienne (bamubaze). Bamaze gukurayo umwana, bakamunyereka bavuga ngo ‘ félicitations umwana arabonetse’, nisanze ndiko ndarira, nshima Imana, ndirimba bimwe bikomeye, mvuga nti ‘ Mana urakoze ibitangaza!’. Ico gihe, numva mfise ibishika vyuko mva, aho nari mucumba narimwo, kugira nje mu kindi cumba, mbone umwana wanje, bamwambitse, ndamubone iruhande yanje…”
Hari vyinshi vyamaze guhinduka mu buzima bwa Jackie, kuva yibarutse. Akarorero, ni umwanya wo kuja mu manza wagabanutse, kubera ategerezwa kwitwararika ivy’umwana wiwe. Hejuru yivyo, Jackie arasigura yuko, icizero hamwe n’ukwemera Imana yarafise imbere yuko yibaruka, ubu vyongerekanye cane gose, kuburyo abona ko, ikintu cose yoba yipfuza gushikako mu buzima azogishikako:
“Nguma numva Imana yangiriye ibitangaza. Ndabona yuko, ata n’iyindi project (umugambi) nokwiyumvira ngo, inteshe umutwe. Kuko, ivyo Imana yankoreye, ari ikintu gikomeye cane ugereranije, n’ico kintu kindi gito nipfuza”.
Jackie arambandanya ati:
“Hari igihe nibaza nti: ‘kumbure ntibizokunda, canke, jewe ngira Imana yandemye, ivyo kuvyara bitarimwo’. Igihe rero bikunze, ukwemera kwanje kwarongerekanye cane. Kuburyo mbona yuko, Imana ishobora gukorera uwundi muntu nkivyo yankoreye mu mwanya muto cane”.
Muri iyo myaka itandatu
Urya ntazovyara, kireste igitereko ciwe agiye kukigura kw’ijabe – uruvugo rw’abantu
Uruvugo rw’abantu
Nkuko tubizi twese, urugo rudafise umwana ruvurwako vyinshi. Na Jackie yaranyagiye yuko, bitari vyoroshe namba, muri iyo myaka yose bamaze batararonka ikibondo. No kuri Jackie nyene ubwiwe, ntivyari vyoroshe. Na cane cane, ko atari azi neza, ko azoronka umwana canke igihe azomuronkera.
Hari vyinshi rero vyaza bimuca intege. Hari igihe vyashika, ugasanga bamwe mu bagenzi biwe bavuze ibintu bimukomeretsa k’umutima. Hari abaryana inzara arenganye. Canke ukaza wumva uwuvuze ngo “ urya ntazovyara, kireste igitereko ciwe agiye kukigura kw’ijabe”.
Ivyo vyose, Jackie yaravyihanganira – “akabimira”. Mu kwemera kwiwe yarafise, Jackie yashimye kwiyegereza Imana gusumba uko yahora. Ivyo navyo, bikaba vyamufashije kuronka inguvu, hamwe n’ubwenge bwo gufata, ingingo zimwe zimwe, zamufashije kubandanya abaho ari mu mahoro. Hambavu yivyo, Jackie yabandanije gusenga ashimitse, asaba Imana yuko, umunsi uri izina, yomugirira ubuntu, ikamuha nawe ikibondo.
Ibibazo bitabereye
Jackie aratwiganira, ko hari inyifato igayitse usanga iri mu kibano. Hari ibibazo bitabereye, abantu bafate nk’ibisanzwe canke nk’ugufyina, usanga baguma babaza umuntu atararonka umwana. Jackie aratanga uturorero tw’ibibazo yakundwa kubazwa:
“ mbega nturasama?”; mbega harya ufise abana bangahe?; “ mbega harya tukwita mama nde?”
Jackie aratuvunira akagohe, adusaba ashimitse, ko ibibazo nk’ivyo tworeka kuza turabibaza, kuko ari ibibazo bica intege, bibabaza kandi bizana ivyiyumviro bibi m’urugo rutararonka ikibondo. Ku bwiwe, mu bisanzwe kubaza ntivyari bibi. Ariko ni vyiza ko, umuntu yotora ukuntu abaza neza, atarinze kududirirako.
Kubaho mu munezero, atikumira kandi anezererewe abandi
Kutaronka umwana kandi umwipfuza ni ikintu kibabaza cane. Hari aho usanga, umubabaro wo kutaronka ibibondo, utumye umuntu abaho atuntuye k’umutima, ata munezero afise mu buzima. Mu ntumbero yo kubandanya abaho afise amahoro, Jackie yafashe ingingo yuko ategerezwa kubaho anezerewe:
“Nari narafashe ingingo yuko ntegerezwa kubaho mu munezero. Narasenze Imana ngo impe umunezero mu rugo rwanje…”
Muri kamere kiwe, Jackie asanzwe ari umukenyezi yugurutse mu mutwe, kandi akunda kuba hamwe n’abantu. Hambavu y’ivyo, uko iminsi yahera, niko yatahura, ko ubuzima bwiwe akwiye kubuha iyindi ntumbero. Na cane cane, ko adakwiye kwikumira, ngo areke kuja mu bantu. Umwanya munini yawukoresha mu gushinga amashirahamwe canke ama groupes yo kwiteza imbere no gushigikiranirana. Gutyo, bikamufasha kutaguma yiyumvira ko ataronka ikibondo:
“…muri iyo myaka 6, n’ukuri ntivyari vyoroshe. Narasenga mvuga nti :Mana, untabare, namane umunezero. Ikindi naco, naraba cane mu bantu. Kugira ngumane n’abantu, naratanguza ama groupe y’abandi bakenyezi…ndafise groupe yitwa ‘ Femmes de valeur’. Twama dutemberanirana. Ivyo, vyuko ntararonka umwana, ngaca ndavyibagira…kuko nari nariyakiriye”
Ariko rero, kwama ukikijwe n’abakenyezi benshi, bisigura yuko uguma ubona abatari bake bibaruka ibibondo. Ivyo navyo ntivyoroshe n’agato kubamwo, mugihe nawe, muri uyo mwanya bitaba birakunda ko uvyara. Yisunze ijambo ry’Imana, Jackie yafashe iyindi ngingo yuko, ategerezwa kunezerererwa abandi. Vyabaye ngombwa ko afata iyo ngingo, kuko yama ari mu bantu:
“ …ijambo ry’Imana rivuga ko ‘utanezererewe umugisha w’uwundi muntu, na wewe udashobora kuronka’…kubera gusenga…narasavye Imana, ko yompa kunezerererwa abavyaye bose…kuvyakira, kubishobora…”
Uko yasenga asaba Imana ngo imushoboze, niko Jackie yaronka inguvu zo gushira mu ngiro ivyo yasengeye. Mu bikorwa vyiwe, vyaribonekeje ko atari aranzwe n’umutima w’ishari n’inzigo, vyuko atari bwaronke ikibondo,mu gihe yaguma abona abandi bagenzi biwe baguma bibaruka. Arabandanya atwiganira yuko:
“…nk’umugenzi anshika k’umutima yavyaye, naragura igitenge c’umuvyeyi, cadeau y’umu bébé, nkatekera ibiseke, nkaca mpitana abandi bagenzi 2-3 tukajana kumwibarutsa. Tuhashitse, uyo mugenzi agatanganzwa n’ingene nje kumwibarutsa. Yarambaza ati: “ wewe none, ubigenza gute? Kuza kunyibarutsa, uzanye ibintu bingana gutya, ukanezerererwa kandi nawe utararonka? “”
Umugenzi mwiza umubonera mu bihe bigoye
Umugenzi mwiza rero, arakubahuka, mukayaga hamwe wumva nawe ko ushigikiwe kandi uriko uganira n’umuntu azi neza ivyo uriko uracamwo – Jackie
Mu buzima duhura n’ingorane zitandukanye. Hari igihe bishika ukaba ufise umugenzi ari mu ngorane, ariko ukumva umengo ntiwokubahuka kumwegera ngo muyage kuvyerekeye ingorane ziwe. Kubumbure, ushobora kuba utinya kumubabaza. Hari n’ikindi gihe, bishika ugasanga wavuze ibitabereye, kumbure wibaza ko wavuze neza.
Ivyo vyose Jackie yarabibonye, muri iyo myaka 6 yamaze atararonka ikibondo. Ariko rero, ngo si uko, vyategerezwa kugenda. Afatiye kuvyo yaciyemwo, Jackie aratwubwira inyifato ibereye twogira, mugihe twoba dufise umugenzi ari mu ngorane:
“ umugenzi mwiza, agushikira, ntanuma… nk’ akarorero jewe, hariho nk’umugenzi yampamagara, akambwira ko akeneye ko tubonana. Tubonanye agaheza akambwira ati: “ikibazo ufise ndakizi. Imana Izokugirira neza”… yarandemesha, akambwira ati: “tuze turasenga gutya, umutwaro wawe ndawufashe nka rwanje…””
Umugenzi mwiza rero, arakubahuka, mukayaga, hamwe wumva nawe, ko ushigikiwe kandi uriko uganira n’umuntu azi neza, ivyo uriko uracamwo.
Vyongeye kandi, Jackie arashimika yuko umugenzi mwiza agusengera, akongera akakuremesha. Aragusangiza inkuru ziremesha, kugira nawe ureme, ukomere k’umutima.
Intahe ya Jackie irabandanya mu gice c’akabiri. Nah’ubutaha.
Mukurindira igihe c’akabiri, gira ico ushikirije Jackie. Har’ikintu wumva iyi ntahe ikwigishije?