Philip Oslev Nzeyimana: “nta kintu gisumba gukinira igihugu cawe”
Ejo aho bukera- kw’igenekerezo rya 26/03/21, umurwi nserukira gihugu c’UBurundi- Intamba mu Rugamba, uzotana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Republika ya Centre Afrika. Urwo rukino rukazobera i Burundi ku kibuga c’amaguru- Intwari. Abarundi isinzi, turindiranye igishika ibizova muri urwo rukino. Twibutsanye yuko, ivyo bihugu vyose uko ari bibiri biriko bihiganira kuronka uburenganzira bwo kuja mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rihuza ibihugu vyo muri Afrika (coupe d’Afrique des Nations – CAN 2021), rizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka uza wa 2022.
Mu kwezi kwa kabiri guheze, naragize amahirwe yo kuyaga n’umwe mu bakinyi bava mubihugu vya Buraya, uyo nawe akaba yitwa Philip Oslev Nzeyimana, asanzwe aba kandi akinira mu gihugu ca Danmark. Bwari ubwambere numvise umukinyi ava mu gihugu ca Danmark aja gukinira Uburundi. Icipfuzo canje rero cari ico kumenya icatumye uyo mukinyi afata ingingo yo kuja gukinira Uburundi na cane cane kumva icipfuzo/ intumbero afitiye umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba. Mukuyaga twakoresheje ururimi rwo muri Danmark. Hama ngirako ndemerera Philip ko ibivuye muri ico kiyago, nzovyandika mu rurimi rw’ikirundi kugira ngo abarundi benshi bashobora kubitahura.
Philip Oslev Nzeyimana ninde ?
Philip Nzeyimana afise imyaka 26. Yavukiye mu gihugu ca Danmark. Se wiwe ni umurundi hama nyina wiwe nawe n’umwenegihugu wo muri Danmark. Philip yatanguye gukina umupira w’amaguru afise imyaka 5. Uno munsi, Philip akina mu kigabane ca kabiri (2è division) c’umurwi Akademisk Boldklub Gladsaxe (AB). Ku kibuga c’umupira, Philip akina mu kibanza c’umukinyi w’inyuma k’uruhande rw’iburyo (arrière droit). Philip nta kirundi avuga. Ariko kuva aho aziye gukinira ubwa mbere umurwi Intamba mu Rugamba mu mwaka uheze mu 2020, yarihaye ihangiro ryo kumenya kuvuga ikirundi na cane cane igiswahili– ururimi abakinyi benshi b’umurwi Intamba mu Rugamba bakoresha.
Naripfuje kandi kumenya ibiranga Philip nk’umukinyi w’umupira w’amaguru. Yaranyishuye avuga ko iyo ari k’urubuga yitanga n’umutima wiwe wose 100/100. Arongera kandi ati :”ndiruka kure cane kandi k’umuvuduko munini. Ivyo bikaba biri mu bintu bakunda kunshimira ko nshoboye…icipfuzo canje nuko abarundi bonyibuka nk’umukinyi yakinye ukwo ashoboye kose kugire Intamba zitahane instinzi. Ihangiro ryanje nuko nokina neza gukira igihugu kinyishimire”
Gukinira umurwi Intamba mu Rugamba ni ibanga rikomeye
Nasanze umupira w’amaguru ari kintu gikomeye cane kubera ari ikintu gihuza abarundi bose. Abarundi baribagira ivyoba bibatandukanya hama bose bakaja hamwe mu gufata mu mugongo Intamba mu Rugamba. Iyo Intamba zistinze ni akanyamuneza ntangere mu gihugu cose. Abantu bamara iminsi myinshi banezerewe, bigina iyo ntsinzi. Ntaho bihuriye no mu gihugu ca Danmark, aho nk’umurwi nserukira gihugu wa handball ushobora gutahukana intsinzi, ariko ugasanga umunezero mu bantu umaze igihe gito. Kuri jewe ni ibanga rikomeye kubona nshobora gukinira umurwi uhuza abenegihugu bose. Nico kintu kimpa inguvu zo kwitanga nkumva nshaka kwama nkinira uwo murwi igihe cose babinsavye – Philip Oslev Nzeyimana
Philip aremeza neza kandi yuko atari azi neza ivyo agiyemwo igihe yemera kuza gukinira ubwa mbere umurwi Intamba mu Rugamba mu mwaka uheze wa 2020. Bwari ubwa mbere Philip ashika muri Afrika. Naho yari abiryoherewe kandi n’umuryango wiwe wamuteye intege, kuri we amakenga yoyo ntiyabuze: “kumbure hari naho ntazoshobora gukurikira neza mu kibuga”. Ahandi naho akiyumvira ati:” gukinira umurwi nserukira gihugu, bishobora kunyugurira iyindi miryango ugasanga hari ico nungutse mubijanye no gukina umupira w’amaguru”.
Inyuma y’urukino rwahuje Uburundi n’igihugu ca Tanzania muri uyo mwaka nyene wa 2020, Philip avuga ko yahigiye ibitari bike. Ubwa mbere nuko yashoboye kuja ku rubuga hama akerekana ubushobozi bwiwe. Amaze kuvyifatamwo neza, yahavuye nawene abona ko vy’ukuri ashobora gukinira umurwi Intamba mu Rugamba. Hari ikindi kintu ca kabiri Philip yahigiye:
“Hari ikintu nyamukuru cankozeko kandi canyuguruye amaso. Umumenyereza wacu yarigeze kutubwira yuko, iyo Intamba mu Rugamba zikinye, igihugu cose kiba kiri inyuma yazo. Imiliyoni z’abarundi ziba zirindiranye igishika kubona uko izo Ntamba zivyifatamwo…n’ikintu ntari menyereye kumva kandi ubiravye birateye n’ubwoba gato. Ariko kandi nico kintu kimpa intege zo kumva nshaka gukina neza. Kuri jewe n’ibanga rikomeye kumva ko nshobora gukinira Intamba mu Rugamba. Vyongeye, kuri jewe n’iteka rikomeye gushobora gukora ikintu gihuza abantu isinzi ndabicishije mu gukina umupira w’amaguru…ndamaze gukina inkino zikomeye no gushika kure mu murwi wanje wo muri Danmark. Ariko ntakiza gisumba gukinira igihugu cawe...Arinaco gituma ntashobora kwirengagiza gukinira umurwi nserukira gihugu igihe cose bazobinsaba.
Kazoza ni keza k’umurwi Intamba mu Rugamba
Mu ntumbero yanje yo gutahura vyinshi vyerekeye umurwi Intamba mu Rugamba na cane cane ingene Uburundi bwoseruka kenshi mu mahiganwa menshi akomakomeye, Philip yaransiguriye ko ku bwiwe abona yuko kazoza ari keza cane kuri uwo murwi. Ko uyo murwi ufise ubushobozi bwo gutera imbere gusumba. Ivyo navyo akabivuga aravye ukuntu abona abarongoye umurwi Intamba mu Rugamba, bita k’urutare mu kurondera umukinyi wese afise amamuko mu Burundi aho ari hose mu bihugu bitandukanye kw’isi, kugira nawe aze guterera umuganda. Gutyo Intamba mu Rugamba ukaba umurwi ukomeye cane, uhiganwa n’ibindi bihangange vy’umupira w’amaguru.
Philip arasigura ati: “ Intamba mu Rugamba ni umurwi ufise abakinyi bakinira hanze y’Uburundi, bashoboye vy’ukuri kandi banyaruka. Vyogeye hari n’abandi barundi benshi bakina mu bihugu vya Buraya (Holland, Belgique,…), bafise iyindi mihinyanyuro. Igisigaye nuko abo bakinyi bafata ingingo yo gukinira Uburundi.
Nico gituma mbona ko, nko mu myaka iri imbere, umurwi nserukira gihugu uzoba ari umurwi ukomeye cane gusumba uno munsi…Ico mwomenya kandi nuko, twese abakinyi b’Intamba tumeze nk’umuryango w’abavukanyi. Dufise kandi intumbero imwe twese: gukina neza cane uko dushoboye kugira Uburundi bushobore kandi kuja guhiganira igikombe ca Afrika. Mbere bikunze bukazohiganira n’igikombe c’isi yose mu mwaka wa 2026. Ico ni ikintu tugenderako cane”
Mukurangiza, Philip yarambwiye ko gutumako abakinyi benshi bava mumihingo itandukanye y’isi, biri mubituma Uburundi bumenyekana cane mu makungu. Ivyo akabivuga kuko yabonye ko aho aherereye muri Danmark, hari abatari bake baciye bamenya Uburundi kuva aho bumviye ko hari umukinyi ava muri ico guhugu ca Danmark yagiye gukinira Uburundi.
Ku bwawe wumva hari ico woshikiriza uyu mukinyi Philip hamwe na bagenzi biwe bo mu murwi Intamba mu Rugamba ?
Ndangije nipfuriza Intamba mu Rugamba urukino rwiza no gutahukana instinzi ejo aho bukera, mbere no mu rukino ruzokurikira mu ndwi iza. Ndipfuza gusubira kubona abarundi twese, aho tuva tukagera twigina instinzi y’umurwi nserukira gihugu cacu c’Uburundi.
Ndamuteye intenge nintwari ikunda igihugu natwe turamukunda.