Umukenyezi – “pfundo ry’urukundo”
Buri muntu wese avuka afise uburenganzira, kandi angana n’abandi.
Kubwivyo buri muntu wese, yokwubahirwa ivyiyumviro, imigambi, n’ishaka vyiwe.
Nivyo, twese twama dushaka ejo heza, kandi hasukuye kuri twese.
Ariko ikintu kiruta vyose ni inzira twobihigamwo.
Yaba umukenyezi canke umwigeme vyoba vyiza ahagurutse agahagarara yeemye, agaharanira n’ishaka ryinshi uburinganire bukwiye kandi bubereye, abicishije mubikorwa bitera igomwe n’iteka ikibano.
Umukenyezi niwe nyina wamuntu. Twese turiho kubera utwigoro n’ishaka rya mama wacu. Reka rero mama agire uruhara n’ijambo mubintu vyose.
Waba umuntu ahambaye canke nyarucari uvuga ururimi rwa mama, reka rero ijwi ryiwe ryumvikane anatuvugire mubice vyose vy’isi n’ubuzima bwayo.
Umukenyezi niwe nkingi y’ubumenyi n’ubwenge dufise kuko niwe azi twishi mutwo twita amabanga.
Reka rero ahaguruke aserure ubuhinga n’ishaka biri muri we.