“Mbega urwaruka rw’Uburundi rwitezeko iki?”
Mu minsi iheze, hari inkuru yanditswe na Yaga yavuga, ko hari urwaruka rw’Uburundi rukunda kubaho no kuryoherwa cane, kurugero rurengeye uburyo rufise. Iyo nyifato ikerekana yuko umengo urwo rwaruka, rutarajwe ishinga cane n’ivyerekeye kwitegurira kazoza karwo; ahubwo ukamengo rwitwararika gusumba ivyo kuryoherwa (ikirori).
Umuntu aravye inyifato nkiyo iri muri bamwe bagize urwaruka (Uburundi bw’ejo) hama akayigereranya n’ubukene buri mugihu, bishobora gutuma umuntu yibaza ati:
”Mbe harya urwaruka rw’Uburundi rwitezeko iki muri rusangi?”.
Ataco witezeko, ntaco ushikako
Kumenya ico witezeko (caba “gito” canke “kinini”) wewe kubwawe, n’ikintu gihambaye cane. Benshi mu rwaruka rw’Uburundi, ntituratahura neza, yuko dufise uruhara mubijanye no kwiteza imbere (haba kwiteza imbere muvy’ubutunzi canke muvy’iyumviro). Benshi mu rwaruka, ntituratahura neza, akamaro ko kumenya gukoresha neza umwanya wacu (gukoresha umwanya wacu neza, mubintu bitwubaka, bitwungura ubwenge, bitwigisha ibintu bishasha, kurusha guha umwanya munini ibirori n’ibindi bidusamaza). Benshi mu rwaruka rw’Uburundi, ntituzi neza ico twitezeko, twebwe nyene kugiti cacu (kumenya ko ari twebwe nyene dufise uruhara rwambere mubijanye no kwiteza imbere canke gushika kuco twipfuza).
Ataco witezeko rero, ntaco ushikako, kuko ntuba uzi ico ushaka gushikako hamwe n’ingene witwara mu buzima. Ataco witezeko wewe nyene kubwawe, ntumenya inzira ubuzima bwawe bushobora gufata. Uturorero:
- Ushobora gukora ikintu, utazi neza igituma ugikoze (kumbure ushaka kwigana ivyo wabonye kwa mugenzi wawe), hama vyagenda nabi, munyuma uti: “ese iyo menya”.
- Ushobora guhura n’umuntu, hama akagukoresha kugire ashike kunyungu ziwe, kubera kutamenya neza ico ushaka canke witezeko mu buzima. Hama munyuma ukicuza, uti:” mbega nabigiriye iki?”.
- Ushobora guta umwanya/ amafaranga mubintu, bitakubaka canke bitakungura ikintu na kimwe mu buzima bwawe. Munyuma ukibaza uti: “ese iyoba vyokunda ko nsubiza umwanya/igihe inyuma?”.
- Ushobora kugira “amahirwe” canke “umugisha” wo kuronka ikintu bitakugoye cane mu buzima, ariko kubera utazi ico witezeko, ugasanga ico kintu ntaco kikumariye.
Izo ni zimwe mu ngorane zishobora gushikira uwariwe wese, mugihe umuntu atihaye umwanya ukwiye wo kumenya ico ari, ico ashoboye, ico ashaka n’ico yitezeko kwubwiwe.
Kumenya guhitamwo
Ne pas choisir, c’est encore choisir, Jean-Paul Sartre
Uko biri kose mu buzima, umuntu wese arahamagariwe GUHITAMWO, inzira ubuzima bwiwe bushobora gufata. Haba mu ngigo dufata mu buzima bwacu bwa misi yose canke mu ngigo “twirengagiza” gufata. Inyifato y’umuntu wese yama irimwo “uguhitamwo”.
Ego nivyo, ibigoye igihugu cacu c’Uburundi si bike. Hari benshi murwaruka bihebuye, batazi neza iyo bariko baraja canke ico bokora, kugira baroranirwe canke biteze imbere mu buzima.
Hari n’abandi batari bake mu rwaruka, batahuye yuko, uko biri kose bategerezwa kwirwanako mu gukoresha ico bafise cose gishoboka, kugira bashobore kuroranirwa no kwiteza imbere mu buzima bwabo. Urwo ni urwaruka rwahisemwo kumenya neza ico rwitezeko mu buzima. Ni urwaruka rwatahuye uruhara rufise mubijanye no kwiteza imbere. Ni urwaruka rushobora kubera akarorero keza urundi rwaruka.
Umwe wese muri twebwe, arakwiye rero guhitamwo kwibaza ikibazo nyamukuru gikurikura:
”Jewe kubwanje nitezeko iki?”.
Kumenya ico witezeko bituma umenya ingene wiyumvira, ingene ukoresha umwanya wawe, abo mugendana, uwushobora kukubera akarorero keza, ingene wigenza, ico ushoboye/udashoboye, aho ushira inguvu canke ingene urondera uwokunganira, kugire ushike kuco wipfuza.
Twige guhitamwo neza rero. Duhitemwo kumenya ubwambere nambere ico twebwe nyene twitezeko. Ico dushobora kwikorera kubwacu, imbere yuko twitega ivyo Imana canke abandi bodukorera. Kanatsinda ngo:” Imana ifasha uwifashije”, kandi ngo “akimuhana kaza imvura ihise”.
Ukaba wakuze iki candiko, ntiwibagire kugisangira n’abandi (partager). Urakoze.
#Uruhararwanje ni kumenya neza ico nitezeko mu buzima!